
Umuryango w’umukuru w’igihugu watanze kuri uwu wa mbere intererano yawo y’amafaranga azokoreshwa mu matora azoba mu Burundi mu mwaka w’2020. Petero NKURUNZIZA yashikirije ibanki nkuru y’igihugu amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni zitanu, agahamagarira n’abandi guterera muri ico gikorwa c’amatora.
Mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko icihutirwa muri uwu mwanya atari ugusaba intererano z’amatora abanyagihugu basanzwe bari mu bukene. Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU avuga ko ata n’uwomenya ko ayo matora azoba, aravye icuka ca poritike kiri mu Burundi. Kubw’uwo munyeporitike, icihutirwa ahubwo kwari ukuduza ubutunzi bw’igihugu, uguhagarika ubugizi bwa nabi bukorwa, hamwe n’ukwubahiriza ubwigenge bwa bamwe n’abandi, mu bijanye n’ugushikiriza ivyiyumviro.
Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU
Tubibutse ko mw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bararikiwe gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu. Muri iryo jambo, Petero NKURUNZIZA yavuze ko abarundi bisunze ibihe igihugu caciyemwo kuva mu mwaka w’1961, bikwiye ko bitegurira neza amatora yo mu mwaka wa 2020 no muri kazoza mu bijanye n’uburyo hamwe n’ibikoresho batarinze gusaba imfashanyo mu makungu.
Muri iryo jambo yavuze ati : « Umwe wese azoterera uko ashoboye, gutyo twereke amakungu ko Abarundi dushoboye kwitunganiriza amatora azira utunenge tutarinze kuzera inze, nakare akimuhana kaza imvura ihise. Iyo ni imwe mu nzira zo gutsimbataza intahe y’ukwikukira na demokarasi mu gihugu cacu, na kare iyo ntahe y’ukwikukira twayironse iciye mu matora mu 1961. »