Habonetse video y’abantu bambaye gisirikare basaba amatora mu bwisanzure
Diosdado Cabello wo mu mugambwe w’aba Socialistes muri Venezuela yamenyesheje ko abasiirkare bakiyoboka ubutegetsi bashoboye gusuziba ibintu mu buryo.
Abategetsi bamenyesha ko abantu indwi batawe muri yompi, nayo umwe muri bo yahasize ubuzima.
Video yatanzwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana umugwi w’abantu bari mu mwambaro wa gisirikare basaba amatora yo mu bwisanzure.
Bavuze ko ico gikorwa cabo cari ico kwerekana ko bahakanye uburiganya bwa perezida Nicolas Maduro.
Ibi bibaye inyuma y’iminsi ibiri inama nshingamteka y’ico gihugu ifashe ingingo yirengagije guca ku nama nkenguzamateka yiganjemwo abatavuga rumwe na leta.