Amashirahamwe ategamiye Reta ava hanze asabwa kwubahiriza ivyo yiyemeje 

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu n’ugufashanya n’ibindi bihugu Aime Alain NYAMITWE amenyesha ko amashirahamwe ategamite Reta ava mu makungu ategerezwa gutanga akazi mu muco kandi hisunzwe ibwirizwa nshingiro.
Yishura ku bibazo vy’abakenguzamateka ku bijanye n’ingene amashirahamwe ategamiye Reta ava mu mahanga akora kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017, umushikiranganji Alain Aime NYAMITWE yamenyesheje ko mu bisata bimwe bimwe igihugu gikenera amashirahamwe ategamiye Reta,ariko mu gihe ataza kwaka akazi abanyagihugu.

Umushikirangtanji Alain Aime NYAMITWE yavuze ko ku bijanye n’intara canke ibisata ayo mashirahamwe akoreramwo, ari igikorwa ca Reta co kwerekana ibisata bikeneye ishirahamwe ribikoreramwo mu ntumbero y gufasha abanyagihugu.

Abakenguzamateka berekanye kandi amakenga bafise yo kumenya nimba vy’ukuri amashirahamwe ategamiye Reta ava mu makungu afasha mw’iterambere, umushikiranganji Alain Aime NYAMITWE yavuze ko igikorwa co kugenzura ingene ayo mashirahamwe akora kibera mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,kuko aribwo bukurikiranira hafi ibikorwa vyayo ku rubuga.

Alain Aime NYAMITWE,Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Umushikiranganji Alain Aime NYAMITWE yavuze ko kuba hari amashirahamwe atari make mu gihugu ari kubera ibihe igihugu caciyemwo, aca avuga ko ariko igikorwa ca mbere c’itereambere ry’igihugu ari ic’abarundi ubwabo.

Yavuze ati : « Ibikorwa vy’iterambere biraba imbere y’abandi bose abarundi bonyene ubwabo,abanyamahanga baza kwuzuriza aho abarundi basigaje. »

Umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO yasavye ko amashirahamwe ategamiye Reta ava mu makungu yoza aramenyesha uburyo azanye gukoresha mu gihugu, kugira bagenzure neza ko ibikorwa yishinze bihuye n’uburyo akoresha.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yarangije asaba amashirahamwe ategamiye Reta ava mu makungu kwubaha ivyo aba yiyemeje igihe asaba gukorera mu Burundi.