
Muri Kenya abanyagihugu bari mu matora y’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka, n’abo mu nzego zitandukanye; Prezida Uhuru Kenyatta akaba ahiganwa ikibanza c’umukuru w’igihugu na Raila Odinga, kizigenza w’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.
Incamake
Abantu barenga imiliyoni 19 nibo bategekanijwe gutora
Hari abakandida umunani bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ariko abakomeye ni Prezida Uhuru Kenyatta na Raila Odinga
Raila Odinga yitoje ubugira kane
Ibiro vy’amatora bitegekanywa kwugara isaha cumi n’imwe ku mugoroba
Hari ibiro vy’amatora 40883 mu gihugu cose
Gutangaza ikibiriraho