Abana bo mu Kamenge na Musaga bahawe ibikoresho vy’ishure n’umukobwa wa Général Adolphe NSHIMIRIMANA 

Umukobwa w’umuhisi Général Adolphe NSHIMIRIMANA yateguye kuri uwu wa gatatu igikorwa c’ugutanga ibikoresho vy’ishure ku bana b’abahoze ku rugamba bo muri zone ya Kamenge na Musaga. Ines NSHIMIRIMANA avuga ko ico gikorwa yagitunganije kubera asanzwe akunda urwaruka kandi ariryo ragi yahawe n’umuvyeyi wiwe yitavye Imana.
« Umuvyeyi wanje yari umuvyeyi w’urukundo. Twaratemberanye, ndabona ubuzima abana bamwe bamwe babayemwo, arambwira ko nawe aribwo yabayemwo. Yansavye kuzokwama mfasha urundi rwaruka, cane cane mu bijanye n’ukwiga. »

Abana bahabwa ibikoresho vyo kw’ishure bagera ku majana abiri, Ines NSHIMIRIMANA akamenyesha ko yabatoye yisunze imirwi itandukanye yaba ntahonikora. Aravuga n’aho yakuye uburyo bw’ugufashisha abo bana : « Narashigikiwe n’abagenzibari bamaze gukunda ivyo nakoze ubwa mbere. »

Ines NSHIMIRIMANA ahamagarira urundi rwaruka kugira umutima w’urukundo, kuko ku bwiwe, abakiri bato badafashijwe ataho Uburundi bwoba buriko buraja.

Mu bana amajana abiri bahawe ibikoresho vyo kw’ishure harimwo abo muri zone ya Kamenge ifatwa nk’iyishigikiye ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, hakaba harimwo n’abana bo muri zone ya Musaga yarwanije bimwe bikomeye ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Twashatse kumenya ko ukwo guhuza abana bo mu mice ibiri itavuga rumwe vyoba bifitaniye isano n’ukwiyunga kw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’ababushigikiye. Ines NSHIMIRIMANA asiguye ati : « Sinshaka Uburundi bw’abashigikiye ikiringo ca gatatu canke abatagishigikiye. Nshaka Uburundi bwiza bwa twese. Ubwanje mu gutora abanyamusaga ni nk’uko nari gutora abandi, kuko ni abarundi, nanje ndi umurundi. Abategetsi b’Uburundi ntibigeze batubwira ngo Musaga ntihagire ico muzohakorera. »

Abo banyeshure bahawe ibikoresho vy’ishure mu mugambi « Smile for Children » wa Ines NSHIMIRIMANA, umukobwa wa Général Adolphe NSHIMIRIMANA. Hari amakuru avuga kandi ko ikigo « Fondation NSHIMIRIMANA » kigiye kwugururwa mu Burundi.