Therance Ntahiraja ati: « Abarundi bose bahamagarirwa kwigana akarorero k’umukuru w’igihugu « 

Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu Therence NTAHIRAJA ahamagarira abarundi bose n’abagenzi b’Uburundi guterera amatora yo mu mwaka wa 2020 nk’uko biheruka gukorwa n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 9 Myandagaro 2017, Therence NTAHIRAJA umwunganirizi w’umushikirangaji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko amatora ari imwe mu nkingi z’intwaro rusangi mu Burundi no mu bindi bihugu.

Therence NTAHIRAJA amenyesha ko kuva umukuru w’igihugu ashizeho ikigega co gutereramwo amatora ya 2020, abarundi batari bake bamaze kwitaba akamo,bamaze no gutangura guterera.

Therence NTAHIRAJA,umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Therence NTAHIRAJA avuga ko kuva abatanga infashanyo bazihagaritse bikaba ngombwa ko abarundi bikora ku buryo bwabo kugira amatora yo mu mwaka wa 2015 abe, vyatumye umurwi utegura amatora CENI n’abandi banyeporitike basaba ko amatora ya 2020 yotegurwa hakoreshejwe uburyo buvuye mu barundi bonyene ubwabo kuko atawokwama azera inze.

Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu yasavye uw’ikigega ca Reta kworosha igikorwa co guterera

Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji ameyesha ko mu ntumbero yo kworosha ico gikorwa co guterera, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamaze kwandikira umushikiranganji w’ikigega ca Reta amusaba ko yofasha kugira hugururwe ayandi makonte afasha abanyagihugu guterera batarushe.

Ku kibazo co kumenya nimba abatazoronka uburyo bwo guterera amatora ya 2020 ata ngaruka bizbagirako,umwunganirizi w’umushikiranganji yavuze ko ata ngaruka n’imwe kuko ata tegeko rihari rivuga amafaranga umuntu ategerezwa gutanga.

Therence NTAHIRAJA avuga ko yizeye ko abarundi bitanze bashobora gutanga uburyo amatora yose agahera kandi akaba neza ata nfashanyo ivuye mu makungu.

Kuwa mbere igenekerezo rya 7 Myandagaro 2017,umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA niho yaterera imiriyoni 5 z’amafaranga y’amarundi amatora ya 2020 abicishije mw’ibanki nkuru y’igihugu, igisata gikorera ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi.

Mw’ijambo yashikirije buca Uburundi buhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi bwikukiye,umukuru w’igihugu yasavye abarundi bose guterera amatora yo mu mwaka wa 2020, bacishije kuri koonte nimero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.