
Ladislas Ncahinyeretse, yahoze ari umushingamateka w’umugambwe UPRONA yatowe mu ntaya ya Karusi yaraye mu gasho ka komine Karusi, akaba yarekuwe abanje gutanga amande.
Uwo yari yari umushingamateka mu mwaka w’2012 yafashwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, akaba yagirizwa ko yarenze itegeko rigenga amashamba ryo mu mwaka w’2016.
Aristide NSENGIYUMVA, umushikirizamanza mukuru mu ntara ya Karusi avuga ko umushingamateka Ladislas Ncahinyeretse yaciye ibiti vy’uguca amakara mw’itongo ryiwe, ariko akaba atabanje kubisabira uruhusha mu bajejwe intwaro, nk’uko biri mw’itegeko rishasha ry’ugukingira amashamba n’ibidukikije.
Aristide NSENGIYUMVA yavuzeko mu cegeranyo cakozwe n’ubutungane hamwe n’abakozi b’igisata c’ugukingira ibidudukikije, basanze Ladislas Ncahinyeretse yotanga amande y’amafaranga imiriyoni zitatu n’ibihumbi amajana ane y’amarundi, akaba yayatanze, inyuma y’aho ararekurwa nk’uko vyemezwa n’uwo mushikirizamanza mukuru w’intara ya Karusi.