UK: Ubwongereza buvuga ko hari abantu bafatwa nk’abaja.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May
Ubutegetsi bw’igihugu c’Ubwongereza ko hari abantu bagifatwa nk’abaja muri kino gihe ca none ku rugero abantu batoshoboye kwibaza.

Ikigo kigenzura ivyaha « National Crime Agency » cavuze ko ibitigiri vyahahora vyerekana ko hari abantu 13000 bagurishijwe, bagakoreshwa ku nguvu, ko muri kino gihe abo bantu basigaye ari benshi cane mu bisagara bito bito na binini vyo mu gihugu c’Ubwongereza.

Muri kino gihe hari amatohoza 300 ariko arakogwa.

Abakoreshwa mu busambanyi ngo nibo benshi muri iyo ngenso yo gusubiza abantu mu buja ariko ngo hari imigwi yakwiragiye isi ikora urudandazwa rw’abantu mu bisata bitandukanye birimwo ivy’uburimyi, ubwubatsi hamwe n’ubuzi bwo mu nzu.

Publicités