Bujumbura: Ishirahamwe Peace And Sport ryatanguje kuva kuri uwu wa gatanu incuro igira umunani y’inkino zitiriwe ubugenzi « Jeux de l’Amitié 2017 » ziriko zibera mu gisagara ca Bujumbura gushika kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 13 Myandagaro 2017. 

Umuyobozi w’ico gisagara amenyesha ko kuba izo nkino zibereye i Bujumbura ari ikimenyetso ko ibihe Bujumbura ihitiyemwo bitandukanye n’ivyo ico gisagara kirimwo ubu.
Laurent Dupont, umuyobozi mukuru wa « Peace And Sport » avuga ko akarere k’ibiyaga binini karangwamwo ingwano zituma bamwe mu rwaruka bataronka akaryo ko guhabwa inyigisho yaba izo mw’ishure canke iz’imyuga. Kubw’uwo muyobozi, inkino nizo zitanga akaryo keza ko guhuza abava mu bihugu bitandukanye kugira bayage amahoro.

Urwaruka amajana abiri rwo mu Burundi hamwe na Repuburika iharanira iharanira intwaro rusangi ya Congo nirwo rwahuriye i Bujumbura muri izo nkino zizomara iminsi itatu. Mw’ishirahamwe Peace And Sport bari batumiye n’urwaruka ruserukira igihugu c’Urwanda, ariko rukaba rutashoboye kuza mu Burundi.

Umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA yari mu birori vy’ugutanguza ku mugaragaro izo nkino, yamenyesheje ko kuba Urwanda rutaserukiwe mu Burundi ari ibisanzwe, kuko mu migenderanire n’ibindi ibihugu bishika hakaba ivyo batahurizako. Kubwa Edouard NDUWIMANA, nico gituma hariho ubushikiranji bw’imigenderanire n’ibindi bihugu kugira buze buratorera inyishu ibibazo vy’umubano vyokwibonekeza hagati y’ibihugu.

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura arashima kuba igisagara arongoye catowe kugira cakire izo nkino. Avuga ko ari ikimenyetso ciza.

« Niyaba uno munsi dushobora kwakira abavuye mu Bufaransa no mu Bwongereza, ni uko hari icakoretse, kandi ko amahoro yabonetse. ». Freddy MBONIMPA avuga kandi ko kuba ibikorwa bitandukanye bibandanya gutunganirizwa i Bujumbura atobura kuvyishimira nk’umuyobozi w’ico gisagara.

« Kera iyo umwami habaye uruzuba ku ntwaro yiwe, bavuga bati ku ntwaro ya naka harabaye ivyago nk’ibi. Ariko iyo ugize ikiganza c’Uhoraho bazovuga mu mateka bati igihe umushingamateka Freddy MBONIMPA yari arongoye igisagara, hariho ivyahindutse. »

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Uburundi bwakiriye incuro y’umunani y’inkino zitiriwe umuvukano « Jeux de l’Amitié. » Incuro y’indwi y’izo nkino yari yabereye mu gihugu c’Urwanda.

Izo nkino zatanguye gutegurwa mu mwaka w’2007.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s