Ijambo ry’Imana ry’uyu munsi.

_Amahoro y’Imana aganze imitima yacu twese._
_Dusangire Ijambo ry’Imana:_
THÈME: *_ »ABABAYE INTAMA ZA YESU BAMA BUMVA IJWI RY’UMUCUNGUZI WABO. »_*

*_ »Ereg’UMWAMI UHORAHO ntazogira ic’akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha. »_*

_Amosi 3:7_

*_ »Maz’Uhoraho arivuganya, ati Mbega Aburahamu nomuhisha ico ngira nkore,_* kandi ari we azohinduka ihanga rinini rikomeye, amahanga yose yo mw’isi akazôherwa umugisha muri we❓❓

*_Itanguriro 18:17-18_*

*_ »Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha,_*

*_Azobereka isezerano ryiwe. »_*

_Zaburi 25:14_

*_ »Sinkibita abashumba, kuk’umushumba atamenya ico shebuja akora, ariko mweho nabise abakunzi, kukw’ivyo numvanye Data vyoooseee nabibamenyesheje. »_*

_Yohana 15:15_

*_U T U B A Z O:_*

__________________

Q1.Mbega nawe uri mu bo Umwami YESU yamenyesheje ivyo yumvanye Se=Data wa twese❓❓

Q2.Mbega nawe urazi ivy’Imana yanka❓❓

Q3.Nimba uzi ivy’Imana yanka, weho uravyanka❓❓

Q4.Mbega nawe urazi ivy’Imana Ikunda❓❓

Q5.Nimba uzi ivy’Imana Ikunda, weho urabikunda❓❓

Q6.Mbega ur’umushumba m’uburyo bw’Impwemu ❓❓Cank’urazi ivyo Imana Iriko Irakora❓❓

Q7.Mbega ur’umwansi w’Imana (ukora ivy’Imana yanka)❓❓Canke ur’umukunzi w’Imana (ukora ivy’Imana Ishaka= Igomba = Ikunda)❓❓

_IMANA Idushoboze kuyumvira muri vyose._ Mwene So Dieudonné NKURUNZIZA.