Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka bumenyesha ko ikena ry’igitoro ryari ryibonekeje mu mezi ya Ndamukiza, Rusama na Ruheshi uno mwaka wa 2017 ryatorewe inyishu. Ubwo bushikiranganji buvuga ko n’ingingo zari zafashwe zahagaritswe.Mw’itangazo ryateweko umukono kuri uwu wa mbere n’umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka Come MANIRAKIZA, rimenyesha ko ingingo zose zari zarafashwe kuva habaye iryo kena ry’igitoro ko zihagaritswe kuva uno wa mbere.
Iryo tangazo rimenyesha kandi ko impusha zahora zitangwa naba Buramatari hamwe n’ubuyobozi bujejwe ivy’igitoro kugira abantu baronswe igitoro mu magunguru n’amabido ko nazo nyene zihagaritswe.
Umushikiranganji Come MANIRAKIZA amenyesha kandi ko igitoro kirekuriwe kudandarizwa ku masitasiyo honyene kandi ko ayo masitasiyo arekuriwe gukora amasaha yose.
Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko ubushikiranganji bujejwe ivy’igitoro ko buzobandanya bukora ibishoboka kugira ico gisata kibandanye neza ku neza yabantu bose.