Mundwi iheze mu burundi: abantu 9 barishwe, 20 barahagarikwa barapfungwa.

Ishirahamwe SOS-Torture Burundi rimenyesha ko abantu 9 aribo bishwe, abandi 20 barahagarikwa mu bice bitandukanye vy’igihugu mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 12 Myandagaro 2017.
Nk’uko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture cama gishoka uko indwi iheze,mu bantu 9 bishwe bane batawe mu ruzi, abana babibiri nabo bahitanywe na gerenade, harimwo kandi umusirikare umwe wo mw’ikambi icungera inzego bivugwa yuko yiyahuye.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku bantu 150 bahagaritswe mu gisagara ca Bujumbura bagizwe n’abana bo mw’ibarabara, abasegerereza hamwe n’abigeme n’abakenyezi badandaza umubiri.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’iyimurwa rya Colonel Adrien KADENDE ava mw’iboher rya Rumonge azana mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura,inyuma yo kuraswa n’umwe mu bajejwe gucungera ibohero rya Rumonge.

SOS-Torture rikavuga ko inyuma y’indwi arashwe, umuyobozi w’ibohero rya Mpimba yanse ko Colonel Adrien KADENDE ajanwa mu bitaro kandi akabagwa kugira bamukuremwo urusasu rwamuhezemwo.
Isekeza SOS-Torture rikamenyesha kandi ko ibiharuro vy’abapfungwa vyiyongereye kuva mu ntango z’ukwezi kw’umunani , aho mu kwezi kumwe gusa, abapfungwa 150 aribo binjiye mu mabohero atandukanye mu gihugu.

Publicités