Uruhande rw’umusozi rwaguye ku nzu mirongo i Regent inyuma y’imvura nyinshi
Niburiburi abantu 600 baracabuze inyuma y’ibihomoka vy’umusozi n’imyuzure vyibasiye uduce twa Freetown, umugwa mukuru wa Sierra Leone, nkuko umuvugizi wa prezida yabimenyesheje BBC.
Prezida Ernest Bai Koroma mbere yari yasavye « imfashanyo yihuta », avuga ko imiryango myinshi yazimanganye.
Abantu hafi 400 nibo bazwi ko bapfuye inyuma y’ibihomoka vyibasiye akarere ka Regent, n’imyuzure mu tundi duce twa Freetown ku munsi wa mbere.
Ikigo c’abatabazi b’umusalaba utukura « Croix Rouge » cagabishije ko ari igihe co gusiganwa n’umwanya ku bijanye n’ibikogwa vyo kurondera aboba bagihema.
Bitegekanijwe ko abapfuye bashingugwa ikivunga kuri uno wa gatatu, kugira ngo haboneke ibibanza mu buruhukiro.
Umuvugizi wa prezida Abdulai Baraytay yabwiye BBC ko ibikorwa vyo gukura ibiziga mu vyondo n’ibihomoka bikibandanya.
« Imiryango iri mu kigandaro. Hari abantu bataraboneka barenga 600, » niko yavuze.