Bururi : Pasitori Manasse Kazungu yinjijwe ibohero 

Pasitori mukuru w’amashengero ya Pentekoti muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi, Manasse Kazungu yahagaritswe yagirizwa kwigisha poritike mw’ishengero, imbere y’uko yinjizwa ibohero rikuru rya Bururi.
Pasitori Manasse KAZUNGU yinjijwe ibohero ry’i Bururi mu gatondo ko ku musi wa gatatu igenekerezo rya 16 Myandagaro 2017.

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika mu ntara ya Bururi, yavuze ko yinjijwe mu ntumbero yo kugira hakorwe amatohoza uwo yagirizwa ico caha yegereye ubutungane.

Inkuru ziva aho i Bururi zimenyesha ko pasitori Manasse Kazungu yanse kuvuga imbere y’umucamanza, kuko atari afise abamuburanira, ariko abakozi bo muri parake ya Bururi bavuga ko igihe yumvirizwa ku munsi wa kabiri uheze yari afise uwumuburanira.

Pasitori Manasse Kazungu yafashwe ku munsi w’imana uheze ku mutumba wa Kagome yagirijwe ko yigishije abakirisu bo mw’ishengero ryo ku mutumba wa Kagome, abigisha kugumuka ngo ntibazokwitabe amatora yo mu mwaka wa 2020.