Bamwe mu banyeshuri biga canke baba muri kaminuza y’Uburundi mu kigo co ku Mutanga Sud baragiriza bagenzi babo bari mu rwaruka rw’umugambwe CNDD FDD ko bigenza kuri bagenzi babo batari mu mugambwe CNDD FDD gushika babakubise.
Amakuru ava mu banyeshuri baba mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi kiri ku Mutanga Sud bavuga ko ibikorwa vyo gukubagura abanyeshuri biba mu masaha yo kumugoroba bwije, aho urwaruka ruri mu mugambwe CNDD FDD rutegera canke rugafatira mu bigo vya kaminuza ababa bariko barataha.
Ayo makuru nyene amenyesha ko igiteye amakenga abanyeshuri batari mu mugambwe CNDD FDD ar’uko bimaze kwibonekeza ko ababikorerwa ari abatari mu rwaruka rw’imbonerakure bakabwirwa ko ari ugukosora injavyi.
Abanyeshuri bo muri kaminuza y’Uburundi mu kigo co ku Mutanga Sud bavuga ko mu gihe atacokorwa mu maguru masha, ibintu bishobora kumera nabi kuko n’abakozi ba kaminuza bamaze gutangura kwidoga ko bafatwa nabi, mbere bobo bakaba bategekanya no guhagarika akazi mu mwanya muto kugira berekane akababaro kabo.
Gushika ubu, abanyeshuri bamwe bavuga ko badatahura igituma mu buyobozi bwa kaminuza ataco baravuga kuri iyo nyifato y’abanyeshuri bari mu mugambwe CNDD FDD, urundi ruhande rukamenyesha ko bisiguritse kuko inzego zose zitwara kaminuza ziva mu mugambwe CNDD-FDD.
Abanyeshuri bagasaba ko iyo nyifato y’abanyeshuri bari mu rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD yohagarara kuko ishobora gutuma haduka indyane mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi.
Ku ruhande rw’urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD muri kaminuza y’Uburundi,umwe mu ndongozi z’urwo rwaruka twagerageje guhamagara kugira agire ico ashikirije, ngendanwa yiwe ntiyahamagara.