

Ikiziga c’umugore atamenyekanye catowe mu gatondo ko kuri uwu gatandatu hafi y’uruzi Jiji, mu ntara ya Bururi.
Ababonye ico kiziga c’uwo mugore bavuga ko vyaboneka ko yari yanizwe imbere y’uko ikiziga ciwe gitabwa aho hantu. Amaboko y’uwo mugore akaba yari abohewe mu mugongo.
Mu giporisi bavuga ko uwo yishwe ataramenyekana, ikiziga ciwe kikaba cabaye kirajanwa mu buruhukiro bw’ibitaro vya Bururi, mu kurindira ko hari abomenya uwo yishwe.