
Abantu batanu nibo bakomerekejwe na Gerenade yatewe mu bunywero buri muri Shatanya, mu ntara ya Gitega, nk’isaha zine z’ijoro.
Iyo gerenade yatewe mu bantu bariko banywera muri ico kirabo, mu giporisi bakamenyesha ko muri abo bariko banyerwa aho hantu harimwo abafitaniye amatati.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE avuga ko abantu babiri aribo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.