Abasirikare cumi bagwanira mu mazi baburiwe irengero, abandi batanu barakomereka inyuma y’aho ubwato bw’intambara bwa Amerika hamwe n’ubundi butwara igitoro bugonganiye hagufi y’igihugu ca Singapour, nk’uko bivugwa n’igisirikare kigwanira mu mazi.

Kajugujugu y’igisirikare kigwanira mu kirere muri Singapour ijanye uwakomeretse kwa muganga

Iyo nkuru yamenyekanye mu mutwenzi nka 05:24 ku musi wa mbere (21:24 GMT kumusi wa Mungu), bikaba vyabereye iruhande ya Singapour, igihe ubwato USS John S McCain bwashaka guhagarara ku kivuko c’ico gihugu. Singapour n’abategetsi ba Amerika bavuga ko ubwo bwato bwononekaye ku ruhande ruherera ku kivuko, ruri mu bubamfu.

Crew berthing, machinery and communications rooms were flooded, the Navy said

Ubwato basekanye, Alnic MC, bwononekaye nko ku metero 7 uvuye ku gikono, uvuye aho amazi ashika, ariko nta n’umw mu babutwaye yakomeretse kandi n’igitoro casesetse.

Ubwo bwato bufise uburebure bwa metero 182, bukaba buruta ubwo bw’intambara bwa Amerika bufise metero 154.

Kajugujugu za gisirikare za Amerika hamwe n’iza Singapour na Malaisie hamwe n’abacungera umutekano mu mazi ubu bari mu bikorwa vyo kurondera no gutabara.