Mu Burundi ibura ry’amafaranga yagaciro ryatumye ibikoresho vy’ishure bizimba.

Abadandaza b’ibikoresho vy’ishure mu gisagara ca Bujumbura bamenyesha ko ibiciro muri uyu mwaka wa 2017 vyaduze bagereranije n’umwaka uheze wa 2016

Nk’uko babiganiriye ikinyamakuru IGIHE, abo badandaza bavuga ko uno mwaka ibiciro vy’ibikoresho vyaduze ku rugero ruri hejuru, bitumwe n’ibura ry’amafaranga y’agaciro ryibonekeza mu gihugu.

Abadandaza ivyo bikoresho bavuga ko aho barangurira ivyo bikoresho babwirwa ko ibura ry’amafaranga y’agaciro rizotuma babishikana mu gihugu bizimvye, ari naco gituma bishitse bibwirizwa kuzimba.

Ubu ikaye y’impapuro 100 igurwa amafaranga 950 ku mwaka uheze yagurwa 850, iy’impapuro 60 igurwa 800 ku mwaka uheze yagurwa amafaranga 650, iy’impapuro 48 igurwa amafaranga 600 ku mwaka yagurwa 550, iy’impapuro 36 igurwa amafaranga 550 ku mwaka uheze yagurwa 450, n’ayo iy’impapuro 24 ikagurwa 400 ku mwaka uheze yagurwa 300.