Bujumbura:Abashaka kwubakana bategetswe kubanza guhabwa inyigisho

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yasohoye itegeko ryatanguye gushirwa mu ngiro, iryo naryo rigategeka abantu bose bashaka kwubakana kubanza gukurikirana inyigisho zivuga ivy’amategeko agenga ingo n’imiryango. Muri iryo tegeko bavuga ko abashaka kwubakana batazokurikiza iryo tegeko batazokwemerwa gusezerana imbere y’amategeko.

Nk’uko biri muri iryo tegeko rya Freddy MBONIMPA umukuru w’igisagara ca Bujumbura, izo nyigisho zizotangwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA risaba abajejwe intwaro kurwanya abubakana bidaciye mu mategeko.

Abashaka kwubakana babicishije mu mategeko bazokwigishwa ivyo umwe wese asabwa mu rugo, mu nyigisho zizohora zitangwa mu munsi wa gatatu muri komine canke muri zone. Abashaka kwubakana bategekwa kujana uko ari babiri muri izo nyigisho zizotangwa incuro zibiri (Deux séances). Muri komine, umuhanuzi ajejwe ivy’intwaro n’imibano niwe azokwigisha abashaka kwubakana. Mu gihe yafatiriwe, izo nyigisho zizotangwa n’umunyamabanga wa komine

Mu gisagara ca Bujumbura, izo nyigisho zizotangwa n’umukuru wa zone, yafatiriwe naho ico gikorwa kirangurwe n’umunyamabanga wa zone.

Muri iryo tegeko ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura bavuga ko ubugeni bw’abashaka kwubakana batitavye izo nyigisho incuro zibiri butazokwemerwa, mukamenya kandi ko n’igihe bizoshika umwe mu bashaka kwubakana agasiba izo nyigisho ko ubwo bugeni bwabo butazokwemerwa.