Cibitoke : Umugabo yishwe aciwe umutwe

Ikiziga c’umugabo catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke.

Ababonye ico kiziga c’uwo muntu ataramenyekana bavuga uwo mugabo yishwe aciwe umutwe, ikiziga ciwe gitorwa mw’ishamba.

Mu giporisi mu ntara ya Cibitoke bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura.

Publicités