Ubutungane bw’uburundi ngo buriteguriye gusubirira CPI

Mu gihe mu kwezi kwa 10 umwaka wa 2017 bitegekanijwe ko Uburundi buzova muri Sentare Mpuzamakungu mpanavyaha CPI y’i La Haye, umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana amenyesha ko ubutungane bw’Uburundi bwiteguye bikwiye kugira buzotunganirize neza abanyagihugu mu kibanza ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Yishura ku bibazo vy’abashingamateka kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017, Aimée Laurentine KANYANA yavuze ko ingingo yo kuva muri sentare mpuzamakungu CPI yafashwe n’inzego zibirekurirwa n’amategeko, kandi ko ari ingingo yiyumviriweko bikwiye.

Aimée Laurentine KANYANA aramutswa ubushikiranganji bw’ubutungane avuga ko naho impungenge zitobura bisunze ibivugwa hirya no hino ku Burundi, ata cobuza ko yemeza ko mu Burundi inzego z’ubutungane zikwiye.

Ku makenga y’umushingamateka Zenon NDARUVUKANYE ku bijanye n’ikiriko kirakorwa kugira abarundi bizere ko ivyaha vyokurikiranywe na sentare mpuzamakungu y’i La Haye, ubutungane bw’Uburundi buzobihasha, umushikiranganji Aimée Laurentine KANYANA yishuye ati :

« Hariho amategeko mpanavyaha yateguwe, kandi inzego z’ubutungane zirakora ico zitegerezwa gukora. Twaratunganije kandi inyigisho zo gukarihiriza ubwenge abacamanza kugira ntihagire uwuzokora nabi, hanyuma avuge ngo nta mategeko namenye.

Aimée Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane

Umushikiranganji w’ubutungane aboneraho akaryo ko gusaba amakungu kureka kwagiriza ubutungane bw’Uburundi ko butigenga kandi budahana ivyaha, kuko bufise ubumenyi bukwiye bwo gukora amatohoza.

Uburundi bugiye gukura akarenge muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, mu gihe haheze imyaka ibiri umushikirizamanza w’iyo sentare atangaje ko yuguruye amatohoza y’intangamarara ku Burundi.

Reta y’Uburundi yagumye yiyamiriza ayo matohoza, imenyesha ko n’ubucamanza bw’Uburundi bushoboye kuyikorera.