Algerie : Umuporisi yahitanywe n’igisasu

Umuporisi umwe niwe yishwe n’umwihevyi kur’uyu wa kane i Tiaret mu gihugu ca Algerie ku birometero 350 uvuye ku mugwa mukuru Alger inyuma yaho igisasu umwihevyi yariyitwaje gituritse.

Amakuru ava mu binyamukuru vy’aho muri Algerie avuga ko uyo mwihevyi yagerageje kwinjira mu gace kabamwo abaporisi k’i Tiaret kugira abone guturitsa ibisasu biturika yariyambaye .

Bivugwako uyo muporisi yapfuye yasimbiye kur’uyo mwihevyi inyuma yo kubona ko yambaye ibisasu biturika agerageza kwinjira mu nyubakwa yarimwo abaporisi .