Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko bagereranije n’ingene umutekano wari wifashe mu kwezi kwa Mukakaro, basanga muri uku kwezi kwa Myandagaro kwaraye guheze ibiharuro bijanye n’ubukozi bw’ikibi n’ubundi bubisha vyaraduze gato bivanye n’ubusuma busa n’ubwiyongereye. Muri ubwo bushikiranganji baravuga n’ivyo bagiye gukora muri uku kwezi kwa Nyakanga kwatanguye kuri uwu wa gatanu.
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko mu bikorwa vy’ukurwanya ubugizi bwa nabi mu kwezi kwa Myandagaro, hari imirwi cumi n’itanu y’inkozi z’ikibi yasambuwe, abagizi ba nabi 249 barafatwa, hamwe n’amadosiye 1123 y’abagirizwa ivyaha bitandukanye yakozwe yongera ashikirizwa ubutungane.
Igiporisi c’Uburundi kiravuga ivyo kigiye gukora mu gukomeza umutekano muri uku kwezi kwa Nyakanga kwatanguye.
« Muri uku kwezi kwa Nyakanga, ubushikiranganji bujejwe umutekano buzokora butiziganya mu kurwanya ububisha bukorwa hakoreshejwe ibirwanisho, ibiturire hamwe n’urudandazwa rwa magendu, kwaka ibirwanisho ababifise batabifitiye uruhusha, kurwanya ibiyayuramutwe hamwe n’ibinyobwa bitemewe n’amategeko. »

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ntashikiriza ariko nk’uko yahora abikora ku yandi mezi, igitigiri co muri rusangi c’abantu bahitanwe n’ubugizi bwa nabi bwakozwe mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Petero NKURIKIYE avuga ko mu giporisi bakiri mu gikorwa c’ukwegeranya ivyo biharuro.