
Sentare Ntahinyuzwa mu gihugu ca Kenya yashinze itegeko ko amatora y’umukuru w’igihugu yari yabaye kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017 asubirwamwo.
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko umukuru wa sentare ntahinyuzwa David Maraga yavuze ko amatora yabaye atubahirije ibwirizwa nshingiro baravye ingene yatunganijwe, ari naco gituma batahaye agaciro.
Amatora y’umukuru w’igihugu yari yatsinzwe na Uhuru Kenyatta yari asanzwe arongoye igihugu, arushije uwaserukiye urunani rw’abatavugarumwe na Reta Raila Odinga, amurushije amajwi umuriyoni 1,4.

David MARAGA,umukuru wa sentare ntahinyuzwa muri Kenya
Bitegekanijwe ko umurwi utegura amatora uzotunganya ayandi matora mu minsi 60.