
Uhuru Kenyatta niwe yavuze ko yemeye ingingo ya Sentare, ariko ngo ntiyemeye ukwo yaciye urubanza
Ashikiriza ijambo abanyagihugu, Prezida Uhuru kenyatta yagize ati: « Umubanyi n’agume ari umubanyi, utaravye ivyiyumviro vyiwe vya politike, idini canke ingene asa ».
Yavuze ko atemera ingene urubanza rwaciwe, ariko avuga ko yemeye ingingo Sentare Ntahinyuzwa yafashe.
« Abo bantu batandatu, bafashe ingingo ko baja kubiri n’aho abanyagihugu bishiriye. Abakenya batoye abashingamateka benshi ba Jubilee, abakenguzamateka benshi ba Jubilee, abagore benshi ba Jubilee mu baserukira abandi, abajenama benshi ba Jubilee, » niko yavuze.
« Turiteguye gusubira mu banyagihugu, dufise imigambi nkiyo twabashikirije, iyo kunywanisha abanyagihugu, gushinga umugambwe w’igihugu, guteza imbere igihugu.
« Nta ngwano turimwo na bagenzibacu tutavuga rumwe.
« Abantu bari ku rushi, abantu batandatu, ntibashobora guhindura ivyipfuzo vy’abakenya imiliyoni 40. Abakenya nibo bazihitiramwo, ni nakwo demokrasi imeze. »