Umurwi w’abashingamateka batohoza ivyagirizwa Uburundi washizweho

Inama nshingamateka y’Uburundi yashizeho, nk’uko vyasabwe n’abashingamateka, umurwi ujejwe kwiga hamwe n’ugusuzuma ukuri kw’ibivugwa mu cegeranyo ku Burundi c’inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu. Uwo murwi ufise ikiringo c’amezi atatu, ukaba watanguye gukora kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 31 Myandagaro 2017. Ibice 50 kw’ijana vy’abagize uwo murwi ni abashingamateka b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

Uwo murwi w’abashingamateka 12 b’Uburundi (Commission Spéciale de Vérification du Rapport de la Commission d’Enquete sur le Burundi) wahawe igikorwa c’ugusuzuma ko mu cegeranyo ca ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi harimwo ukuri, bige igituma impunzi z’Abarundi ziri zidahunguka. Inzego za Reta y’Uburundi, inzego z’abigenga hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu basabwa kworohereza abagize uwo murwi, abo nabo bagashobora gusaba ubufasha bw’umuhinga, yaba uwo mu gihugu c’Uburundi canke uwuvuye hanze mu gihe vyokenerwa.

Uwo murwi ufise ikiringo c’amezi atatu, ugashobora kwongerwa mu gihe wobisaba inama nshingamateka, imbere y’uko ikiringo cawo gihera. Icegeranyo c’ivyo uwo murwi uzoba washitseko kizoshikirizwa inama nshingamateka isanzwe ari nayo yashizeho uwo murwi ugizwe n’abashingamateka 6 ba CNDD FDD, bane bo mu runani rw’Abigenga Mizero y’Abarundi, umwe wo mu mugambwe UPRONA hamwe n’umwe wo mu bwoko bw’Abatwa.

Amazina y’abagize uwo murwi

NZIGAMASABO Reverien, CNDD FDD

NTIRANDEKURA Gaudence, AMIZERO

SUKUNOBA Vincent, Twa

MUHUNGU Jean Bosco, CNDD FDD

NIMENYA Gloriose, UPRONA

NTAKIYIRUTA Obed, AMIZERO

SINZINKAYO Jean Pierre, CNDD FDD

Asha Khalfan, AMIZERO

COYITUNGIYE Claver, AMIZERO

NDUWIMANA Deogratias, CNDD FDD

HABONIMANA Odette, CNDD FDD

BARANYIZIGIYE Jacqueline, CND FDD