Kwigana kwayura, ngo biiravana n’uko ubwonko bw’ umuntu buba bucangamutse
Abashakashatsi barihweje uko bitugendera mu bwonko bwacu kugirango twandukirwe no kwayura iyo tubonye uwundi muntu yayura.
Umugwi w’abashatsi bo muri Kaminuza ya Nottingham, basanze bibera mu gice c’ubwonko gikoresha umubiri ibikorwa bitandukanye ku bushake bwacu.
Ico gice bita ‘cortex moteur’ nico kandi gifatigwamwo n’ingwara bita ‘syndrone de la tourette’, ingwara canke kamere gatuma umuntu kunyiganyiza igice c’umubiri canke gusohora ijwi ariko atavyifuza canke ngo ashobore kubihagarika
Rero abashakashatsi bavuga ko bariko bariga nimba gutahura impamvu twandukizanya kwayura bishobora kubafasha gutahura igitera syndrome de la tourette.
Kwayura ni ibisanzwe ko abantu bavyanduranya nk’uko bashobora kwandukizanya kuvuga kimwe canke utundi tumenyetso two ku mubiri bakora batarinze kuvyitegurira nko kuvuna urugohe.
Ushobora no kuba uriko urayura kubera usomye ino nkuru, kuko birandukira.
Mu cigwa cabo catangajwe mu kinyamakuru « Current Biology », abashakashatsi bafashe abantu 36, beretswe abandi bantu bariko barayura, igice cabo bababwira ko ari ibisanzwe kwayura, abandi bababwira ko bogerageza kubigwanya.

Abashakashatsi bashobora gukabura ubwenge bakoresheje ivyuma
Kwayura kuri buri wese, basanze bituruka ku bushobozi bw’ubwonko bwo kwirinda.
Bakoresheje kandi ivyuma bishobora kugabanya ubushobozi bwo kwihangana.
Georgina Jackson, umwigisha w’umuhinga mu buryo bwo kwihweza isano riri hagati y’ubwenge, uko ubwonko bukora hamwe n’inyifato y’umuntu n’uko umubiri wiwe ukora, » neuropsychologie cognitive », yakoze kuri ubu bushashatsi, avuga ko ivyo batoye bishobora gufasha muri vyinshi.
Avuga ko nko kuri iyo ngorane ya syndrome de la tourette, ishobora kugabanywa ku muntu mu gihe bishobotse gucuresha ubukanguke bw’ako gace ko mu bwonko gatuma akora canke avuga ivyo adashaka.
Mu bisanzwe ngo bariko barondera uburyo butari ubwo gukoresha imiti, ahubwo bagategeka ubwonko bakoresheje ivyuma bituruka hanze y’umubiri, bigabanya mu bwonko iyo kamere yo gutuma umubiri ukora ivyo utatumwe.
Yavuze ko impamvu abantu bandukizanya kwayura zizwi ko bike cane, ngo hari abibaza ko vyoba bituruka kuri kamere yo gushaka kwifatanya n’ubikoze kubera kumwumvira imbabazi, ariko abandi bakibaza ko bitiruka ku zindi mvo.