Burundi:Moto Cross isiganwa ry’amapikipiki mu burundi.

Bamwe mu biteriguye ihiganwa rya Moto cross ribera iBujumbura

Mw’ihiganwa ryo gusiganwa n’amapikipiki ribera mu gisagara ca Bujumbura harimwo abahinga 9 banonosoye ivyo guhiganwa ku mapikipiki n’abandi 18 bagendesha amapikipiki ariko batari bwaje mu mahiganwa nk’aya.

Ni ubwa mbere ihiganwa Motor cross riba mu Burundi.

Ribera ku kibuga c’ishure y’imyuga ETS Kamenge, abahiganwa bakaja kugenda basimba imitego izoba iri mu nzira.

Inyuma y’ihiganwa, ababa abambere baja guhabwa imidari n’igikombe hamwe n’amahera atavuzwe ingene angana.