Inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov yafatiwe muri karitiye ya Carama ya gatatu muri zone Kinama, mu gisagara ca Bujumbura. Iyo nkoho yatowe inyegeje mu kagunira, imbere y’inyubakwa bita « Maison Palma ».
Mu giporisi bavuga ko bafashe iyo nkoho bahamagawe n’abanyagihugu bayibonye ubwa mbere, bakaba batazi uwayizanye.

Iyo nkoho yari kumwe n’ibikono vyayo bibiri (Chargeurs) birimwo amasasu 42.
Izindi Gerenade zibiri zimaze kwononekara zatowe n’igiporisi ku musozi Nyabiyoga, muri komine Rango mu ntara ya Kayanza. Izo gerenade zatwawe mu giporisi muri komine Rango, muri iyo ntara.