*_ »URUKWIRIKIRANE RWA 26 RW’INYIGISHO KU VYAHISHURIWE YOHANA: »_* _Nongeye kubaramutsa ndanabaha kaze muri ino nyigisho tumaze igihe turiko dukurikirana._
_Nshimiye abadahengeshanya gusoma no kurondera gutahura aya majambo y’umugisha._
_Tugeze rero mu gice ca 12._
_Uyu mugore avugwa muri kino gice vyibazwa cane ko yoba ari Isirayeli._
_Ukwezi, izuba n’inyenyeri n’ikigereranyo c’ubwiza n’icubahiro Isirayeli yasezeraniwe m’Ubwami buzoza, nk’uko Yosefu yari yarahawe ububasha bwo kuganza se, nyina n’abo bavukana._ Itanguriro 37:9-11.
_Umurongo wa 2 utwereka uyu mugore (Isirayeli) akuriwe, ariko atura akaborogo kubw’imibabaro y’ukuramukwa kwiwe (ibise)._
_Ibi biratwibutsa ukuntu akahise kose ka Isirayeli kabaye ak’imibabaro n’ukurwanywa, mbere no kurondera guhonywa rwose._
_Satani yari azi ko muri Isirayeli ari ho Imana Izocisha umucunguzi w’isi, ivyo bikaba vyari agacurantimba k’umwansi w’Imana n’abantu._
_Imana Ishimwe ko imigambi ya Satani itabujije umuzo w’umucunguzi wacu Yesu Kristo._ _Tuzoshishikara ubutaha Imana ikitwemereye kuba mw’isi._
_N’ubu ndakira ibibazo canke intererano zanyu zitandukanye kuri iyi nyigisho mubicishije kuri numéro ya télephone whatsapp yanje (canke kuri E-mail (biri aha musi) ._