
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bwafashe ingingo yo guhagarika ibisata bimwe biri mu mashuri yisumbuye yigisha ubuvuzi mu Burundi, bumenyesha ko ivyo bisata bizosubira kwugururwa ari uko ayo mashure ashize mu ngiro ivyo yasabwe kugira ivyo bisata vyemererwe gukora.
Nk’uko biri mw’itegeko nshikiranganji ryo kw’igenekerezo rya mbere Nyakanga 2017, ibisata vyigisha ubuvuzi (Soins Infirmiers), igisata cigisha ubushashatsi (Laboratoire) , n’igisata cigisha ibijanye n’isuku (Assainissement) nivyo vyahagaritswe.
Ivyo bisata vyahagaritswe ku mashure akurikira : Ecole Paramedicale SALAMA, Groupe Scolaire Paramedical, Institut Technique Medical de Bujumbura, Ecole Technique Medical de Makamba, Ecole Paramedicale de Kinyana, Medical Mercy Institute de Mugoboka, Ecole Paramedical de Kamenge, n’ishure Ecole Paramedical d’Assainissement et de Laboratoire de Rutana.
Muri iryo tegeko ryateweko umukono n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida Josiane NIJIMBERE, ubushikiranganji busaba abavyeyi bafise abana mu bisata vyugawe kubaronderera aho ivyo bisata bigitanga inyigisho.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bugabisha kandi abaserukira ayo mashure afise ibisata vyugawe, ko mu gihe borenga kuri izo ngingo bokwugarirwa amashure burundu.