
Kenyatta ngo azosubiramwo kwihweza ikibazo c’ubucamanza
Uhuru Kenyatta yavuze ko azokwicarira ikibazo c’ubucamanza, inyuma y’aho sentare ntahinyuzwa yari yaraye itangaje ko ivyavuye mu matora aheruka vyabaye impfagusa.
Sentare ntahinyuzwa yatangaje kandi ko hakwiye gutunganywa ayandi matora mu kiringo kitarenze amezi abiri.
Mw’ijambo ryaciye kuri tereviziyo y’igihugu, Perezida Kenyatta yasubiyemwo incuro nyinshi ko azokwubaha ingingo ya sentare, nk’uko yabitangaje ku munsi wa gatanu. Kare, icegera ciwe William Ruto, yari yahamagariye umugwi ujejwe amatora gutanga isango ryo kuyasubiramwo, aho yavuze ko umugambwe uri ku butegetsi Jubilee witeguye.

Raila Odinga yaranezerejwe n’ingingo ya sentare
Raila Odinga, aserukira abatavuga rumwe na leta, avuga ko bo bashaka ko umugwi w’amatora ari nawo wotunganije ayo matora, useswa kuko ngo batakiwufitiye icizere.