Afrika Yepfo: Icegera c’umukuru w’iguhugu wa Afrika y’epfo Cyril Ramapfosa avuga ko abamurega kurenga ibigo n’abantu bensi ari abashaka kumutyoza.

Cyril Ramaphosa (ibubanfu) ashaka gusubirira Jacob Zuma (iburyo)

Bwana Ramaphosa yavuze ko yibaza ko hari abantu bari muri leta bamutangako amakuru y’ibinyoma kugirango bamubuze amahigwe yo kwitoza kuyobora umugambwe uri ku butegetsi ANC.

Umukuru wa ANC azotogwa mu kwezi kwa cumi na rimwe, igihe Jacob Zuma azoba ageze gusubirizwa. uryo bwo guhanahana ubutumwa bwa emails bwa bwana Ramaphosa bwoba bwaravogerewe, mu ntumbero yo kwerekana imigenderanire hagati yiwe n’umuganga.

Mw’ijoro ryakeye bwana Ramaphosa yaragerageje kuburizamwo ko ubwo butumw abutangazwa mu kinyamakuru caho ariko biranka.

Ubo butumwa buravuga kandi ko yagiranye imibonano n’abakobwa bakiri bato