
Inkuru y’igerageza ry’ igisasu yakurikiye ifoto ya Kim Jong-un asuzuma igisasu bita hydrogen bomb)
Igihugu c’Ubuyapani cemeza ko igisasu cageragerejwe mu kuzimu na Koreya ya ruguru kiruta ubukomezi incuro icumi, ico baheruka kugerageza umwaka uheze.
Abajejwe kugenzura za nyamugigima mu Buyapani, bavuga ko ku vyuma vyabo vyo gusuzuma urugero rwo kunyiganyiga kw’isi, vyerekana ko ubushobozi bw’ico gisasu bwangana na nyamugigima igera ku bipimo 6.3 ku rugero rwa Ritchter muri ako karere.
Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubuyapani, Taro Kono, yateye ivyatsi iryo gerageza ry’igisasu avuga ko ritari iryo kwihanganirwa.
Perezida wa Koreya y’epfo Moon Jae-in, yahamagaje umubonano wihuta w’abagize inama y’umutekano y’igihugu ciwe.
Perezida Trump nawe nyene yateye ivyatsi iryo igerageza ry’igisasu ryakozwe na Koreya ya ruguru, aho yavuze ko ibikorwa n’amajambo ya leta ya Pyongyang bikomeza kuba bibi no kugora igihugu ciwe kwihanganira.
Perezida Trump yavuze ko Koreya ya ruguru ari igihugu cagize ububeshi ingeso, kandi giteye intambamyi.
Perezida Trump ateganya guhura n’abagize umugwi ujejwe umutekano, kugirango bihweze ico kibazo.
Leta zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko ziriko zirihweza ikibazo co kwongerereza ibihano Koreya ya ruguru.
Ibindi bihugu vyiyamirije iryo gerageza ry’igisasu ca Korea ya ruguru, n’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa.