Somalia: Amakuru aturuka mu binyamakuru vyo muri Somali amenyesha ko avuga ko igitero cagabwe ku kigo ca gisirikare catanguriwe n’igisasu caturikijwe mu modokari mu gatondo ka kare.

Al Shabaab yari yakuwe muri Kismayo ubw ambere mu 2012 n’ingabo za Kenya

Igisasu catezwe mu modokari cabanjirije igitero co ku kigo ca gisirikare ca hafi y’icambu ca Kismayo, cakurikiwe n’urutavanako rw’amasasu yaturuka mu mihingo itandukanye.

Abanyagihugu bo muri Kismayo bavuga ko bumvise ikintu giturika, n’urwamo

Abasirikare baharugw amu majana bacumbikiwe muri ico kigo ca Bala Gudud.

Abagwanyi ba Al Shabaab bavuga ko bishe abasirikare bagera ku mirongo ibiri, ariko nta makuru yoi kwizerwa, ataho ahengamiye araboneka kuri ivyo.