_Amahoro y’Imana ashibamire imitima yanyu._*-Biroroshe kuvuga ngo ndi umukristo, ariko biragoye kuba umukristo‼️‼️*
*-Biroroshe kwiyita canke kwitwa umukozi w’Imana (kuba warasutsweko amavuta n’abantu gusa: IBANGO),
➡Ariko biragoye kubaho no kugenda nk’Umukozi w’Imana (KUBA WARASIZWE AMAVUTA N’IMANA UBWAYO, utaherutse ayo wasutsweko n’abana b’abantu gusa 👉ONCTION).*
*-Bishobora kworohera beeeeeeenshi kuvuga Ijambo ry’Imana,
➡ariko bikabagumira caaaaane kurigendera😳‼️*
*_Birashobora kworoha kuba umunyedini, kuko kuba umunyedini n’ukuvuga ivy’Imana utabigendera, udasa n’Umwami Yesu mu ngeso no mu vy’ukora (utamwigana, non imitateur, utarondera conformisme na Yesu, utagenda nk’uko Yesu Yagenda,…Yesu n’Iri Jambo dusoma muri Bibiliya Yera ATACO UKUYEKO KANDI ATACO WONGEYEKO:_*
Yohana 1:1-18;
Zaburi 119:11, Ivyah.22:16-19.
*⏩Umunyedini ashobora kurirwanira ndetse akanaripfira kubera ishaka (son zèle) n’inyungu z’umubiri (tout ce qui est motivations charnelles), 👉�ariko kuba umwigishwa w’Umwami Yesu Kristo (=UMUKRISTO WO M’UMUTIMA) gushika kw’iherezo (apocalypse 2:25), ndabarahiye s’icoroshe kuko bisaba kubanza gupfana na Yesu Kristo, 👉ugahinduka icaremwe gisha (une nouvelle créature, un homme né de �nouveau, afise akarimbi mu vyiyumviro, mu mvugo, no mu vy’akora, bikaba ubuzima bwo gushika apfuye cank’inzamba ivuze.*
_Si benshi bazovuga nk’uyu muhizi Paulo bati:_ * »Narwanye intambara nziza , nazigamye ukwizera …..(2 Tim.4:7-8)‼️*
*_Erega kuba umukristo ni ukuba mu ntambara urwana (unesha) n’icaha kandi ikiryoshe ni uko uwo dukurikira (YESU KRISTO) ari Uwanesheje akanabishingira intahe yukuri: Yesu Kristo ni Umwami (Jean 16:33)._*
*_Ikindi kiryoshe ni uko Umwami Yesu Kristo yaciye inzira y’iroro aho n’impumyi itozimira kuko urugendo tugenda tuja mw’Ijuru s’urw’impayamaguru, s’urw’imiduga, s’urwapikipiki, s’urw’indege cank’ibigendajuru,… ⏩N’URUGENDO RUZORANGIZWA N’IMITIMA YAHINDUWE MISHA NA YESU KRISTO WE UMUKUNZI MWIZA PE.Nta buryarya, atanga Amahoro kandi yaranesheje.*
Yohani 14:6
_Yesu Kristo ni we ubwiwe avuga ayo majambo._
Biraboneka ko tutihenze kumukurikira: ivyo vyari bikwiye kuturemesha hanyuma tugahunga inama mbi z’ *abitwa bene Data atari bo* kuko ibivugirwa mu kinyegero bizoja ahabona ababivuze / n’ababikoze bavyemange
(Zaburi 1:1).
*_None, Ngenzi, ehe ko twiyemeje gukurikira Yesu Kristo, ingo duhunge ibibazo bitaturaba kuko turi abana b’Imana kugira ngo ntiturwe mu mitego itandukanye y’ubupfu umwansi atega ngo tuve mu vyo twabwiwe n’Umwami atazi kubesha: Luka1:45._*