_Ndabaramukije mw’Izina rya YESU KRISTO Umwami wacu, yapfuye akazuka k’umunsi ugira gatatu.__Dusangire rino Jambo YESU KRISTO yampaye:_
« KUGIRA UMUTIMA UTARIMW’IJWI RIKWAGIRIZA ICAHA »_*
_Matayo 5:8_
*_ »Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw’ari bo bazobona IMANA. »_* _Iri Jambo rirakomeye cane._
_Kugira ngo umuntu azobone Imana, akwiye kuba afise umutima utanduye._
_Mwene Data, nimba hariho ic’ijwi ryo m’umutima wawe rikubwira ko kidahimbara Imana m’ubugingo bwawe, gitunganye uyu musi kukw’ejo si rwawe, ube uwera m’umutima nk’ukw’Imana ar’Iyera._
_Imigani 4:23_
_Rinda umutima wawe kurusha ibindi vyose kuko m’umutima ari ho ubugingo bududubiriza._
_ABAHEBURAYO 3:12_
*_Bene Data , ni mwirinde , ntihagire uwo muri mwebwe agira umutima mubi utizera , umutera kureka IMANA Nzima._*
_ZABURI 24:3-4_
*_ »Ni nde azoduga umusozi w’Uhoraho? Ni nde azohagarara ahera hiwe? N’ufise amaboko akeye n’Umutima utanduye, Atigeze kwerekeza umushaha wiwe ku vy’ukubesha, Ntarahire ibinyoma. »_*
*_ZABURI 51:10_*
_*Mana , undememw’umutima utunganye: Unsubizemwo umutima uhamye.*_
_Mwene Data, wokwemera ugaca bugufi m’umutima imbere y’Imana, ukihana icitwa icaha cose, ukakira YESU KRISTO nk’Umwami n’Umukiza w’ubugingo bwawe, nawe woba ubaye umuhigwe, ukazobona Imana kuri wa musi uzorenguka imbere yayo._