Icegeranyo c’ivyahishuwe n’Imana n’impanuro bivuye ku misozi w’amasengesho adasanzwe ABISEZERANO bamazemwo iminsi

IVYAVUYE MU MASENGESHO IHANGA RY’IMANA RIMAZEMWO IMINSI INDWI.

I. IVYO IMANA YAHISHUYE

1.Imana yavuze yuko ngo Ntihagire umuntu numwe, umugambwe, umuhari, ishirahamwe canke urwego rusubira guhenda abarundi ngo bagomba kubazanira amahoro, ngo bagomba kwimika uyu canke uriya. Ivyananiye ONU, Union Européenne, Union Africaine, EAC nabakuru b’ibihugu bibanyi bamwe bagerageje uko bashobora, Imana iriyiziye kubigorora n’ukuboko kwayo kw’inkomezi. Ntihagire uzokwiyitirira igikorwa igire yikorere.

2.Imana yavuze yuko abanyamigambwe n’imihari, inzego zigihugu n’amashirahamwe bose yuko bataye Imana, basasira indava ikibi bagerera kure y’ukuri maze Satani akaba ariwe yiganziye imitima y’abarundi isinzi kandi bama bagiye mu masengero « gusenga ». Abantu benshi babiba urwanko, amacakubiri n’inzigo bakabibonamwo ubuhizi.

3. Abakozi b’Imana ( Katokika, aba porotisanti, aba isilamu) kubera inyungu zabo baradohotse kuvyo biyemeje, benshi biziziwe n’amacakubiri, urwanko n’ivyaha maze ibizira bibitangira imbere none igihugu cagihe akayombekere mu mwiza w’imuzimiza. Bavuga Imana kumunwa mugabo bagakorera shetani.

4. Imana yarasenzeranye yuko ije gukora ibitangaza yiheshe icubahiro, yerekane utwumiza mu gihugu no muma shengero, ivangure umuco n’umwijima, itandukanye ikinyoma n’ukuri; ikubite urushi ba Herodi b’iBurundi( Ivyakozwenintumwa 12: 21-24) no mukarere kibiyaga binini. Igiye guca izibereye kandi ingabo zi Ashuri zigiye gupfira ku misozi.

5. Imana yaritoranirije abayo, ibaha umutima w’urukundo n’uburwaneza, ibashiramwo inyota yo kugororoka no kugendera ubuntu maze ibashirako n’igitinyiro cayo kugira ngo baze babere urumuri abarundi n’abanyamahanga. Ibinyoma, amajambo adatunganye, akarenganyo n’ubugizi bwa nabi biri kure y’imitima yabo.

II. IMPANURO KU BARUNDI

1. Abarundi bose abari mu gihugu n’abari hanze bamenye yuko uburundi atari icibare c’umuntu, umuryango, intara, umugambwe, ubwoko canke umurwi uwariwo wose mugabo yuko ari ishamvu y’abene gihugu bose bataravye uko umuntu yavutse. Imana irabakunda kandi irabapfuhira. Mwitunganye, mukizwe muhinduke mwiyeze kuko Imana igomba ibakorere ivyiza mutari bwabone.

2. Abari mu madini, amashengero (aba katolika, abaporotisanti, aba isilamu) mu menye ico mwahamagariwe mureke kwivanga n’ibihumanya, mwigishe urukundo, uburwaneza, ubuntu no kugororoka kugira ngo Uburundi kibe igihugu c’agahore kandi kugira mwikinge ibihano vy’Imana bigeye gushikira abayihemukiye.

3. Imigambwe, imihari n’amashirahamwe mudukundire mureke gusamburana, gutegana udutego, gutukana, kubesheranira kuko sakirimi kibi yatanze abarozi gupfa, maze mwifatanye n’abakozi b’Imana mumenyeshe ababayoboka yuko hageze ko abarundi bihana bagatungana. Kwihana vyukuri maze bagatangura gusenga mukuri no mu mpwemu. Ku neza yabo murongoye no kuneza ya mwebwe nyene kugira muhunge agatikizo k’Imana.

4. Abicana mu nzego z’igihugu, co kimwe n’abo batera amagrenades mu bantu, mu masengero, mu bunywero ku bituro n’ahandi. Abo mutuma bari mu gihugu turabazi kandi twaratunguye kubihanikiriza. Mwebwe mubatuma turabazi baba abari mugihugu n’abari hanze y’igihugu. Turazi amazina yanyu, turafise n’amafoto yanyu n’ibihugu mwatsemwo indaro turabizi. Reke guhonya inzirakarengane z’abarundi mubahora ubusa. Barya mwica ni benewanyu, ni bavyara banyu ni incuti. Baba imbonerakure, aba JRR, aba Sojedem n’abandi bose ni abana b’uburundi. Abakoze ibibi Imana irababona. Ayo maraso muriko murasesa ntazijana muzobibazwa kuko kwica abanyagihugu sikwo kugwanya canke kugwanira ubutegetsi.

6. President Petero Nkurunziza, urategura ibikorane n’amasengesho. Ivyo ni ibintu vyiza cane. Ese icozana ngo wibere mu ngoro y’Imana utunganye. Ariko rero, wohimbarwa kuba muri ivyo bikorane n’amasengesho intama washinzwe ziriko ziratabagurwa n’infyisi! Abanyagihugu ujejwe gukingira,

-Bariko baricwa batabwa mu mashamba no mu nzuzi kubera ivyiyumviro vyabo!

-Bariko baratotezwa bahunga abandi barara ntibuca mu gihugu iwabo!

-Bariko baricwa n’ubukene n’inzara mugihe hari abandi bujuje ibigega!

-Bariko bararenganywa n’inzego zari zobatunganirije!

Amasengesho yukuri ajana n’amahoro, umutekano, ubutungane n’iterambere kuri bose.

Nyakwubahwa Petero Nkurunziza, urakunda kuvuga yuko « uwukoze hasi yibutsa inkende gutera amabuye » uba uriko urashimangira yuko witeguriye intambara. Wari wobanje gutsinda intambara y’impwemu imbere yuko utsinda intambara y’inkende.

Tukumenyeshe yuko wewe naba somambike bawe mugire murwane intambara mutazotsinda kuko uwuje kurwanira ihanga ry’abarundi ni Imana yo Mwijuru Nyeningabo:

-Ya Mana yahonereza Farao n’ingabo ziwe mu kiyaga gitukura niyo ugira urwane nayo (Kuvayo 14:21-28);

-Ya Mana yakubita urushi Umwami Herodi agaturika inyo aho nyene niyo ugira urwanye( Ivyakozwenintumwa 12: 21-24) ;

-Ya Mana yarimbura sodoma na Ghomora niyo mugire mwitege (Itanguriro 19:23-26);

-Ya Mana yica Kora,datani na biramu n’imiryango yabo, aho isi yasama ikabamira niyo ugira wihange ( Guharura 16:31-35);

-Ya Mana yica kumurango abantu bakoranye Ananiya na Safira niyo wahagurutse kurwanya (Ivyakozwenintumwa 5:3-10);

Barundi, barundikazi, abari mu gihugu n’abari inyuma yaco namwe ncuti z’Uburundi; Hariho ibitegerezwa gukorwa gusumba gutunganya ibikorane, gukora ingendo zamahoro, ibikorwa rusangi, gutembereza urumuri rw’amahoro n’ibindi …. Ivyo navyo ni kugira ubuntu (moralité) gutinya Imana , gukunda uburundi n’ababuvukamwo maze abantu bose bakarwaniriza hamwe ubwicanyi, akarenganyo , ubukene n’ubube gito bwose. Amahoro kuri bose ubwambere ibindi bizokurikira.

Uburundi ntiburiko burasenyurwa no kubura inzego nkuko bamwe bavyibaza. Amategeko, ivyanditse, inzego ( Inama nshingamateka, Inama nkenguzamateka, igipolisi, igisirikare abacamanza, abo mumigenderanire…) abo bose nizo nzego vyamyeho mugabo abantu bagumye bicwa abandi bahunga . Izo nzego nyenye zamye zikinga mu kiza zikica abanyagihugu, abakuru bigihugu, abaskiranganji, abakozi bakurubakuru, abihebeye Imana, abikorera utwabo,.. zigasahura, kandi zigatako zikanyegeza ivyaha ( 1962, 1965,1969, 1972, 1988, 1993…) Ingorane si inzego ingorane ni imico, ivyiyumviro (mentalite et moralite) y’abantu bagize igihugu cose. Birakwiriye guhinduka burundu.

Uburundi buriko burasamburwa no kubura bene burundi bahagararira akarangamutima k’ubuntu n’ugutinya Imana. Urwanko, ikinyoma vyagizwe ubuhizi mubarundi haba abashigikiye Leta n’abayirwanya maze mu nzego z’igihugu no mu bitwa ngo n’abakozi b’Imana habura abahagararira ukuri ngo bamire. Abagabo, abashingantahe n’imvugakuri bose bagiye hehe?

Harageze yuko abarundi twese, mu moko yose, mu ntara zose, mu madini yose, mu migambwe n’imihari yose, duhaguruke duhindukirire Imana twese, twihane, twezwe kandi tugendere ubuntu, ukuri n’ingingo kuko Imana yakunze abarundi ni Imana y’imbazi kandi ikaba n’Imana itabura gucira umuntu wese urubereye. Ihanga ry’Imana ry’Abarundi ABISEZERANO duhagarariye rigiye kubabera icitegererezo bidatevye. Murakoze.

Ni dusangwe Imana , Uburundi n’Isezerano!

Dr Merlin Dusengumuremyi.