Igiporisi kidasanzwe co kurwanya iterabwoba catanguye imyimenyerezo.

Nkuko biri mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’umutekano, igiporisi kiza guturitsa amasasu n’ibisasu kur’uno wa mbere gushika ejo ku musi wa kabiri igenekerezo rya 4 Nyakanga 2017.

Pierre NKURUKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko iyo myimenyerezo iza kubera ku kibuga c’umupira w’amaguru co kw’ishure ETS yo mu Kamenge y’i Bujumbura .

Pierre NKURIKIYE avuga ko imyiteguro y’iyo myimenyerezo y’umugwi w’igiporisi kidasanzwe kjejwe kurwanya iterabwoba yatanguye kur’uno wa mbere igihe c’isaha zitatu z’agatondo , imyimenyerezo nyezina nayo ikazotangura ku musi w’ejo igenekerezo rya 5 Nyakanga 2017 kuva igihe c’isaha zibiri z’agatondo gushika isaha zitandatu n’igice z’umutaga.

Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko ibimenyeshamakuru vyemerewe gukurikirana iyo myimenyerezo izoba kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Nyakanga 2017.