Kumugororotsi ijuru riruguruye ariko kumunyavyaha ni umuriro udahera umurindiriye 

Ndabaramukije amahoro y’Imana Data wa twese mw’izina rya Yesu Kristo Umwami n’Umukiza wacu.Ndashimiye Imana cane ko impaye aka kanya ngo dusangire ijambo ry’Imana.

Dusome Ivyah.4:1
✍ngo:

*Hanyuma y’ivyo ndavye mbona mw’ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’inzamba rirambarira, riti Duga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo*

*K’umugororotsi ijuru rizokwama ryuguruye*
➡Mwene Data uyu yari umukozi w’Imana Yohana umwe mu ntumwa yama mugikiriza ca Yesu yari yatawe mu kizinga ca patimos ahogwa gushingira intahe Yesu .

⏺Mwiyerekwa rya mbere Yohana yeretswe n’ivyete vyerekeye Amashengero uko ameze muri iki gihe 

⏺Ukwerekwa gukurikira kwerekeye kazoza k’Ishengero n’isi. 

⏩Iyo kenshi tuvuga isi tuba tuvuga abantu bayituyeko mugabo batarakira Yesu ngo bagire ivyizigiriro vyo mwiherezo ryabo.

➡Yohana naho mu kizinga patimos atari yorohewe mubikorwa vy’umuruho vyo kumena amapave,kuba wenyene atabona Ishengero ntiyigeze yidodomba canke ngo yihebure usomye mugice ca mbere( Ivyah.1,9-11)

➡Ari muri Mpwemu n’ukuvuga arengeye ya mibabaro ya solitude ngo abona ijuru ryuguruye. Haleluuuuuya.

Iyo umuntu agororokeye Imana atajwi rimwagiriza ikibi nkuko Paulo yavuze:

*Ni co gituma na ntaryo nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu* (Ivyakoz.24,16 )

yabonye ijuru ruguruye.

➡Usomye Itang28,16-17Yakobo yabonyeImana irikumwe nawe .

➡Ezekiyeli nawe yabonye ijuru ryuguruka abona ivyo yeretswe bivuye ku Mana.(Ezk1,1).

➡Yesu nawe amaze kubatizwa aca va mu maz’ijuru riruguruka (Mat3,16)

➡Stefano bariko bamutera amabuye yihanganiye abayamutera abasabiye neza kandi bariko bamwica abona ijuru ryuguruye (Ivyakoz.7,55-56.).

➡Petero nawe yabonye ijuru ryugurutse abona ikintu kimeze igihuzu kininiya kirimwo ibintu vyinshi vyibikoko yumva ijwi rimubwira riti va hasi ubage urye.(Ivyakoz.10,11)

⏩Mwene Data nagira ndakubwire niwaba ugororokeye Imana naho woba mubikomeye mbere no mu rupfu naho urazi ko arirwo rusumba ibindi mubiteye ubwoba abantu Ijuru rizokwama ryuguruye❗Haleluuuuuuya❗

*Ikibazo*

1⃣NONE URAGOROROTSE IMBERE Y’IMANA❓

2⃣MBEGA UYINTAKAMBIYE WUMVA NEZA UDAKEKERANYA KO YO KUBWIRA ITI DUGA UZE HANO CANKE ITI HUMURA❓

⏺Ndakugira inama 

1⃣wiyeze 

2⃣witunganye muburyo bwose 3⃣wirinde uburyo ugenda

4⃣Ubere maso ubugingo bwawe

✅Kugira nawe niwasenga canke niwatakambira Imana ijuru rizokwuguruke.

Yesu aragukunda ❤yanka ivyaha vyawe gusa Yesu aguteze ibiganza 🙌. Imana iguhezagire Amen.