
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi akemezwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko izo nzoga zafatiwe ku muntu azwi kw’izina rya Roger IRAKOZE w’imyaka 18, imbere y’uko ahagarikwa.
Ayo makuru nyene yemeza ko abantu batatu bariko baranwa iyo nzoga itemewe n’amategeko nabo bahagaritswe, baca bajanwa mu gasho ka komisariya y’igiporisi muri komine Ngozi.