Ngozi : Ibiro 40 vy’ikawa vyafashwe bigomba bijabukanwe mu Rwanda

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abagomba bajabukane iyo kawa baciye bayita barahunga.

Haraheze iminsi itanu, imirwi ibiri yari yafatanywe ikawa aho mu ntara ya Ngozi iyishoye mu gihugu c’Urwanda iciriwe urubanz na sentare y’intara ya Kayanza.

Umurwi wa mbere ugizwe n’abagabo babiri bafatanwe iyo kawa,bahanishijwe ugupfungwa imyaka itanu hamwe n’ugutanga ihadabu y’amafaranga y’amarundi ibihumbi ijana.

Abaheruka gufatwa bagomba kujabukana ikawa mu gihugu c’Urwanda

Umurwi wa kabiri w’abo bafatanwe ikawa itwawe mu Rwanda ugizwe n’abasore bane bakorera abo bagabo bene iyo kawa. Abo basore baciriwe umunyororo w’imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ugutanga ihadabu y’ibihumbi mirongo itanu umwe wese.

Uko ari batandatu bose baremeye ico caha, basigura ko bashora ikawa mu gihugu c’Urwanda, kuko muri ico gihugu igiciro c’ikawa kiri hejuru gusumba uko biri mu Burundi.