Abanyagihugu badahabwa umuyagankuba basaba yuko ivyo bemerewe bobironswa

Abo banyagihugu bavuga ko ukwo kudahabwa umuyagankuba gutuma badashobora kurangura neza imirimo ibinjiriza amafaranga. Abo nabo ni nk’abafise amazu y’ubudandaji bw’amata n’amafanta, abakora umwuga w’ugusudira, abafise insyo, n’abandi. Abo banyagihugu bamenyesha ko baca bakora bahomba, kuko bene amazu badandarizamwo babasaba amafaranga y’inzu kandi nabo bataba badandaje.

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Come MANIRAKIZA, hamwe na Reta y’Uburundi, basabwe gushira mu ngiro ivyo vyemerewe abanyagihugu. Aho twobamenyesha ko n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Alain Diomede NZEYIMANA nawe yari yemeje ko ikibazo c’ikena ry’umuyagankuba kizoherana n’ukwezi kw’umunani umwaka wa 2017.

Alain Diomede NZEYIMANA yari yavuze ko Reta y’Uburundi yiyemeje gukora ibishoboka vyose, kugira ikibazo c’umuyagankuba gitorerwe inyishu vuba cane, gutyo abanyagihugu babandanye gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere.

Mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo, mu biro vy’umukuru w’igihugu bari bamenyesheje ko hari izindi ngomero z’umuyagankuba ziyongera ku zari zihasanzwe ziriko zirubakwa mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bamenyesha ko ico kibazo catevye gutorerwa inyishu kubera ibikoresho bimwe bimwe vyashitse bitevye. Muri ubwo bushikiranganji bizeza abanyagihugu ko mu minsi ya vuba, ico kibazo c’ugukuranwa mu kuronka umuyagankuba kutazoba kikivugwa.