Bamwe mu Barundi bahungiye muri Tanzaniya bazotahukanwa kuri uwu wa kane

Abo barundi bavuga ko batagishaka kuba mu buhungiro bamenyesha ko batemerewe gutahukanwa nk’uko babisavye, bakavuga ko ivyo basaba bidakozwe bagiye gufata ingingo y’ukwerekeza mu Burundi n’amaguru. Basaba ubutegetsi bwa Tanzaniya ko bwoshira mu ngiro ivyo bwabemereye ko bagiye gutahukanwa.

Amakuru dukura muri iyo kambi y’i Nduta avuga ko mu nama yabaye hagati y’abaserukira Reta ya Tanzaniya, abaserukira Uburundi hamwe n’abaserukira ishirahamwe HCR, bumvikanye ko imirwi ya mbere y’Abarundi bashaka guhunguka izokwikanwa mu Burundi kuri uwu wa kane igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017.

Mu rugendo yagize mw’ikambi y’impunzi z’Abarundi i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, Mwigulu Nchemba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, aherekejwe n’izindi ntumwa z’iyo Reta, yasavye Abarundi bari muri iyo kambi y’impunzi ko botaha kwubaka igihugu cabo.

Uwo mushikiranganji avuga ko Reta ya Tanzaniya itazokwihanganira abantu canke amashirahamwe yigenga bariko babera intambamyi abakeneye gutaha ku bushake bwabo.

Uwo mushikiranganji yari yemereye abamaze kwiyandisha hamwe n’ababandanya kwiyandikisha, ko ibikenewe vyose biriko birakorwa kugira imbere y’ukwo uku kwezi kw’umunani guhera, Abarundi ba mbere bazobe batahukanwe.

Abarundi barenga ibihumbi 15 bo mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta muri Tanzaniya nibo bamaze kwiyandikisha ko bashaka gutahuka ku bushake bwabo, Reta y’Uburundi nayo ikamenyesha ko ibandanya imyiteguro y’ukwakira abo bantu.

Tubibutse ko umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yagiriza ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi kw’isi HCR ko ariryo ryagize uruhara mu guhunga kw’Abarundi, akavuga kandi ko iryo shirahamwe ririko ribera intambamyi abashaka gutaha.

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko mu 2015, ishirahamwe HCR ryubatse amahema ku mbibe z’Uburundi, abarundi bagahamagarirwa kuja kwakirayo ibifungurwa, bashitseyo bagategekwa kuvuga ko birukanwe n’Imbonerakure za CNDD FDD. Umugambwe CNDD FDD uvuga ko n’abashaka guhunguka ishirahamwe HCR ribabera intambamyi.

Uwo arongoye umugambwe uri ku butegetsi agira ati : « Ishirahamwe ryemera ko impunzi baza kuzikuramwo urwaruka kugira baruhe ibirwanisho. Ako ni akamaramaza kw’isi kuko amategeko mpuzamakungu agenga impunzi avuga ko ata mpunzi ikora poritike, nta mpunzi ifata ibirwanisho. Kandi impunzi ishaka gutaha nta n’umwe ashobora kuyankira. »