Gitega: Grenades 5 zatowe murugo gw’umwigisha

Uwo yahagaritswe n’igiporisi inyuma y’igikorwa co gusaka ,azwi kw’izina rya NTAWUNGUKA Edymond yari asanzwe atanga ivyigwa kw’ishuri nderabigisha ry’i Mweya (Ecole Normale de Mweya).

Amakuru ava mu babanyi biwe amenyesha ko NTAWUNGUKA Edymond yafatanywe gerenade 5, artere yo kwinonora imitsi hamwe na Munchako ikirwanisha gikoreshwa n’abakinyi ba Karate.

NTAWUNGUKA Edymond yaciye ajanwa n’igiporisi mu gisagara ca Gitega,aho yagiye gukorwako amatohoza.

Mwomenya ko muri ivyo bikorwa vyo gusaka,uwundi mugabo umwe yahagaritswe,inyuma yaho basanze mu masaha y’igitondo aborewe.