Kenya: Odinga ntariko aravyorosha, yamiriye kure itariki nshasha y’amatora muri Kenya

Umukuru w’urunani rutavuga rumwe na reta muri Kenya, Raila Odinga yamenyesheje ko atiteguye kwitaba amatora y’umukuru w’igihugu agiye gusubirwamwo muri ico gihugu.

Odinga yavuze ko yipfuza ko hafatwa ingingo zijanye n’amategeko hamwe n’ibwirizwa shingiro imbere y’uko yemera kwitaba ayo matora.

Odinga kandi asaba ko haba impinduka mu kanama kajejwe gutegura amatora muri ico gihugu, kagirijwe na sentare ko kakoresheje amatora adakurikije amategeko bituma anafutwa.

Urunani rwa Raila Odinga ruvuga ko ibiro vyarwo vyatewe umukwabu

Mu majwi amaze guharurwa, Kenyatta aza imbere y’uwo bahanganye Raila Odinga

Kuri uyu wa mbere akanama kajejwe gutegura amatora muri Kenya kamenyesheje ko amatora mashasha y’umukuru w’igihugu azoba itariki 17 z’ukwezi kwa cumi.

Umukuru w’ako kanama Wafula Chebukati yavuze ko ayo matora azoba arimwo abantu babiri gusa, prezida Uhuru Kenyatta hamwe n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Raila Odinga.