Ndabaramukije amahoro y’Imana_
*_IMANA IHANE UMWANSI WACU SATANI W’ISHENGERO RYO MU NZU I WAWE N’ i WANJE, KUKO ADASHAKA KO TUZOJANA MW’IJURU ABO TWUBAKANYE, N’ABANA BACU N’UBUTUNZI BWACU NTASHAKA KO TUZOBUJANA MW’IJURU, KUKO NTATWEMERERA KO TUBUKORERAMWO IMANA, SATANI ASHAKA KO WEWE NA JEWE TUZOSIGA ABO MU NZU I WACU M’UMURIRO, N’UBUTUNZI BWACU MW’ISI, TUKAGENDA MW’IJURU TWENYEEENEEE, ABANDI BASIGAYE BARABABAZWA, TURI INKOKORE._*
1⃣Farawo (n’ikigereranyo ca satani) aravuga ati:
« Yemwe ga yeeee, Uhoraho abane namwe *_nkabarekura , ngo mujane n’abana banyu!! Nimwiyubare, kukw’ivyo mugabiye ari bibi!!_*
Kuvayo 10:10
👆👆Nyumviriza neza yewe mugabo:
Nyumviriza neza na wewe mugore:
*_ »Satani avuze ngo kuri we ni bibi caaaane kumubwira k’ugomba kuja mw’Ijuru ujanyeyo uwo mwubakanye n’abana bawe. »_*
Q1.Mbega iyo nama ya satani urayemeye❓❓
Q2.Nimba utayemeye ugiye guhindura iki m’ukubwira Ijambo ry’Imana no gusengera uwo mwubakanye n’abana bawe kugira ngo bihane ivyaha vyabo, biyeze, ntibazosigare mw’isi inzamba ivuze❓❓
▶️BIBILIYA YERA irabivuga neza: *Ishengero rya mbere (rikuru) ni mu nzu i wawe, m’umuryango i wawe:*
1 Timoteyo 5:8
*_ARIKO UMUNTU N’ATATUNGA ABO MU NZU Y’I WABO, CANE CANE AB’IWE AZOBA YIHAKANYE UKWIZERA KANDI AZOBA ABAYE HANYUMA Y’UTIZERA._*
👆👆👆Mbwirira uyo mugabo uti ntaco widigadiga wibesha ng’uriko urakorera Imana, mu gihe bikunaniye kuragira Ishengero ry’Imana ryo mu nzu i wawe, kuko ari wewe mupasitori wenyene (un et un seul) waryo, pas de remplaçant, nta batumire, nta bashitsi,..ni wewe wenyene IMANA IZOBAZA ISHENGERO RYO MU NZU I WAWE,
N’UTABA URIKO URARIKORERA NEEEEZA UR’INYUMA Y’UMUPAGANI (UWUTIZERA)
1 Timoteyo 5:8
2⃣.Farawo (n’ikigereranyo ca satani) ati:
« Ivyo ntibishoboka; *_mwebwe abagabo, nimugende, muje gusaba Uhoraho, kukw’ari co murondera._*
_Kuvayo 10:11_
_👆👆👆 Nyumviriza neza yewe mugabo:_
*_ »Umwansi satani agomba k’ukorera Imana wenyene m’urugo rwawe, ukazoja mw’Ijuru ur’inkokokore: umugore wawe n’abana bawe n’ubutunzi bwawe bigahonera mw’isi🙊😭😭 »_*
Q3.Mbega iyo nama ya satani urayemeye❓❓
Q4.Nimba utayemeye, ugiye guhindura iki m’ukubwira Ijambo ry’Imana no gusengera uwo mwubakanye n’abana bawe, kugira ngo bihane ivyaha vyabo, biyeze, ntibazosigare mw’isi inzamba ivuze❓❓
*_Q5:UGIYE GUKORA IKI M’UKURUNGIKA UBUTUNZI BW’UMURYANGO WAWE MW’IJURU KUGIRA NGO UZOBUSANGEYO,ntuzoje mw’Ijuru ur’inkokore❓❓_*
_1 Kor.3:13-15_
▶️BIBILIYA YERA irabivuga neza: *Ishengero rya mbere (rikuru) ni mu nzu i wawe, m’umuryango i wawe:*
1 Timoteyo 5:8
*_ARIKO UMUNTU N’ATATUNGA ABO MU NZU Y’I WABO, CANE CANE AB’IWE AZOBA YIHAKANYE UKWIZERA KANDI AZOBA ABAYE HANYUMA Y’UTIZERA._*
👆👆👆Mbwirira uyo mugore uti ntaco widigadiga wibesha ng’uriko urakorera Imana, mu gihe bikunaniye kuragira Ishengero ry’Imana ryo mu nzu i wawe, kuko ari wewe mupasitorikazi waryo wenyene (une et une seule waryo, pas de remplaçant, nta batumire, nta bashitsi,..) ni wewe wenyene IMANA IZOBAZA ISHENGERO RYO MU NZU I WAWE,
N’UTABA URIKO URARIKORERA NEEEEZA UR’INYUMA Y’UMUPAGANI (UWUTIZERA)
1 Timoteyo 5:8
3⃣. Farawo (n’ikigereranyo ca satani) ati:
*_ »Farawo ahamagaza Mose, aramubarira ati n’uko nimugende, muje gusaba Uhoraho; n’abana banyu na no mubajane: MUGABO IMIKUKU YANYU, N’AMASHO YANYU VYO BISIGARE. »_*
_Kuvayo 10:24_
👆👆Nyumviriza neza yewe mugabo:
-Nyumviriza neza na wewe mugore:
-Na mwebwe bane mumaze gukwiza imyaka yo kumenya gutandukanya iciza n’ikibi ni munyumvirize:
*_ »Umwansi satani ntagomba ko mu nzu i wanyu hagira uwohirahira ngw’atange mu nzu y’Imana: AMASHIKANWA, UMUSHUZO W’IVYEZE, AMASHIMWE, ikitavuzwe co n’IKIGIRACUMI »_*
*_Q6.Mbega iyo nama ya satani murayemeye❓❓_*
*_Q7:Nimba mutayemeye, MUGIYE GUKORA IKI M’UKURUNGIKA UBUTUNZI BW’UMURYANGO WANYU MW’IJURU KUGIRA NGO MUZOBUSANGEYO, ntimuzoje mw’Ijuru mur’inkokore, abandi bazigujwe ibitsibo by’ibikorwa barungitse mw’Ijuru bakiri mw’isi nk’uko uyirimwo nawe❓❓_*
_Ivyah.19:7-8_
*_Q8⃣:Mbega wumva ufise inyota yo kubikora❓❓_*
_ »Uku ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize : Üfise inyota nzomuha kunywa kwisoko y’amazi y’ubugingo k’Ubuntu »_
*Ivyah.21:6*