Rwanda : Diane RWIGARA n’abo mu muryango biwe basubijwe muhira

Bivugwa ko vyari bitegekanijwe ko Diane Rwigara hamwe n’abo mu muryango wiwe ko bitaba ubutungane kuri uwu wa mbere igihe c’isaha zitatu z’agatondo ariko hashitse igihe c’isaha indwi n’igice z’umutaga ata n’umwe aritaba.

Igiporisi caciye kigenda kurondera Diane Rwigara hamwe na bamwe bo mu muryango wiwe, basanzwe baba mu gace ka Kiyovu mu gisagara ca Kigali. Bafashwe igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba zibura.

Igiporisi gishitse aho Diane Rwigara aba, cavugije amahoni ku mwango kugira bugururirwe, haciye iminota 10 ata muntu arugurura igiporisi caciye gica hejuru y’urugi kugira gishike indani.

Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda avuga ko basanze Diane Rwigara hamwe n’abavukanyi biwe Anne Rwigara, Adeline Rwigara na musaza wabo Arioste Rwigara biyugaraniye mu nzu, igiporisi gica gitwara Diane Rwigara hamwe n’abandi babiri hasigara musaza wabo wenyene.

Igiporisi kimenyesha ko cagiye kubatora ku nguvu inyuma yaho banse kwitaba ubutungane ku bushake bwabo, inyuma y’umutahe bahawe ku ncuro igira gatatu.

Mu gatondo wo kuri uno wa kabiri, niho igiporisi c’Urwanda camenyesheje kibicishije ku rubuga rwa Twitter ko inyuma y’aho Diane Rwigara n’abo mu muryango wiwe babajijwe ibibazo n’igiporisi c’inyamiramabi, ko baciye basubizwa mu rugo rwabo.

Igiporisi cavuze giti : “Inyuma yo kubazwa ibibazo kuri CID, Anne Rwigara, Diane Rwigara na Adeline Rwigara baherekejwe na Polisi bagezwa mu rugo rwabo”.

Tubibutse ko Diane Rwigara yagirizwa ivyaha vyo gukoresha inyandiko za magendu mu gihe yarondera imikono ashaka igitigiri yasabwa n’umugwi w’igihugu utunganya amatora mu gihe yashaka kwiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu, abandi bo mu muryango biwe bakagirizwa kudatanga ikori ry’ishirahamwe ryanditswe ku muryango wabo.