
Umunsi wa mbere igenekerezo rya 4 Nyakanga 2017 waranzwe n’imyiyerekano imbere y’ibiro vya Komine Butezi, aho abanyagihugu biyamiriza ingingo ya sentare nkuru y’intara ya Ruyigi ibakura mw’itongo rifise uburinganire bw’ibirometero kwadarato bibiri, baburana na Samuel NITAMPEBA.
Mu gihe sentare nkuru y’intara ya Ruyigi yasavye abanyagihugu bari mu miryango 900 bo ku mutumba Muyange,Zone Mubira, Komine Butezi, y’intara ya Ruyigi ko bokwitegurira kuva mw’itongo rya Samuel NTIRAMPEBA yatsindiye mu rubanza RC n°1/1988, bavuga ko badashobora kuhava kuko ari iwabo, ariho basekuru n’abavyeyi babo bavukiye.
Samuel NTIRAMPEBA avuga ko iryo tongo ari iryiwe kuva kw’igenekerezo rya 14 ukwezi kwa kabiri 1988 aho yatsinda urwao rubanza, sentare ntahinyuzwa ica isaba sentare nkuru y’intara ya Ruyigi kurushira mu ngiro kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kwa gatanu 2016.
Inyuma yo kumenyeshwa ingingo yo kuva muri iryo tongo, abanyagihugu bavuga ko iryo tongo ritigeze riba iry’umuryango wa Samuel NTIRAMPEBA, kuva kuri sekuru gushika kuri se wiwe.
Mu ntwaro muri komine Butezi basaba abanyagihugu gusubira muri iryo tongo,mu kurindira ko ingingo zitorera inyishu ico kibazo zifatwa, bakirinda kandi kwihanira.
Mw’itangazo rya sentare ntahinyuzwa ryo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Nyakanga 2017, umuvugizi w’iyo sentare Agnes BANGIRICENGE yamenyesheje ko muri sentare avugira bamaze kwumva ko ikurikizwa ry’urwo rubanza ryateye ibibazo.
Agnes BANGIRICENGE avugira sentare ntahinyuzwa amenyesha ko umukuru wa sentare ntahinyuzwa agiye gutorera umuti izo ngorane bidatevye.